Romans 6:13 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.