Romans 6:19 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mbivuze nk’imvugo y’abantu, kubg’ intege nke z’imibiri yanyu. Nk’uko mwaha imibiri yanyu ibiteye isoni n’umugararizo, kuba abagurano bavyo, bigatuma muba abagarariji, abe ari ko na none muha ukugororoka imibiri yanyu, kuba abagurano bakwo, kugira ngo mwezwe.