Romans 7:4 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
None rero namwe, bene Data, gukoranywa n’umubiri wa Kristo kwatumye mucika abapfuye ku vyagezwe, kugira ngo mwābīrwe n’uwundi, ni we yazutse mu bapfuye, twamire Imana imbuto.