Romans 9:17 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kuko Ivyanditswe Vyera biravuga kuri Farawo, umwami wa Egiputa ngo: “Naguhisemwo kugira ngo nerekanire kuri wewe ubushobozi bwanje kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kukw ivyanditswe vyabgiye Farawo, ngw Icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ ubushobozi bganje, kandi ngw izina ryanje rivugwe hose mw isi yose.