bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Thessalonians 5
1 Thessalonians 5
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
1
Bene Data, ku bijanye n’imisi n’ibihe ivyo bizoshikirako, ntitwari dukwiye no kurinda kubibandikira,
2
kuko musanzwe muzi neza ko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma mw’ijoro.
3
Igihe abantu bazoba bavuga bati: “Ni amahoro, nta nkomanzi,” ni ho ugutikizwa kuzobashikako giturumbuka, kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise, kandi ntawuzorokoka.
4
Ariko mweho bene Data, kuko mutari mu mwijima, uwo musi ntuzobashikako giturumbuka nk’igisuma.
5
Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima.
6
Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.
7
Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro.
8
Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma.
9
Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.
10
Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, twoba twarapfuye canke twoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.
11
None rero muremeshanye mwongere mukuzanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.
12
Bene Data, turabinginze ngo mwubahe abakorera muri mwebwe, babarongoye mu gikorwa c’Umwami, kandi babarongora mu vy’Impwemu.
13
Mububahe n’imitima yanyu yose mu rukundo ku bw’igikorwa cabo. Mubane amahoro.
14
Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.
15
Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ariko mugiriranire ubugwaneza muri mwebwe no ku bandi.
16
Mwame munezerewe ibihe vyose
17
Musenge ubudahumeka.
18
Mwame mushima Imana mu bibashikira vyose kuko ari kwo gushaka kw’Imana kuri mwebwe abari muri Kristo Yesu.
19
Ntimukazimye Mpwemu Yera.
20
Ntimugakengere ubuvugishwa,
21
ariko mubusuzume bwose, hanyuma mwumire ku vyiza.
22
Mwirinde ikibi cose.
23
Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.
24
Iyabahamagaye ni iyo kwizigirwa, no kubishitsa izobishitsa.
25
Bene Data, mudusengere.
26
Muturamukirize bene Data bose n’ukugumbirana kwera.
27
Ndabingingiye imbere y’Umwami ngo iri kete rizosomerwe bene Data bose.
28
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
All chapters:
1
2
3
4
5