bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Thessalonians 3
2 Thessalonians 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
1
Ibisigaye bene Data mudusengere, ijambo ry’Umwami wacu ryamamare rishimagizwe, nk’uko biri no muri mwebge,
2
kandi turokoke abantu babi badadika; kuk’ ukwizera kudafiswe na bose.
3
Ariko, Umwami n’uwo kwizigirwa, ni we azobashinga neza abarinde wa Mubi.
4
Kandi twizigiye Umwami ku vyanyu, yukw ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora.
5
Umwami arōngōre imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw’Imana no ku kwihangana kwa Kristo.
6
Ariko bene Data, turabagera mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, kuzibukīra mwene Data wese agenda asaragurika, cank’ adakurikira ivyo mwashikirijwe natwe.
7
Ubganyu murazi ingene mukwiye kutwīgāna, kuko tutāsaragurika muri mwebge,
8
ntitwarya ivyo kurya vy’ umuntu n’umwe ku busa, ariko twagira ubutame n’ubucumukure, dukora ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntitugire umuntu muri mwebge tugora.
9
S’uko tutāvyemerewe, ariko n’ukugira ngo tubabere icitegererezo ngo mutwīgāne.
10
Kuko tukiri kumwe namwe twābageze iki, ng’umuntu wese ni yanka gukora ntākarye.
11
Kuko twumvise yuko hariho bamwe bo muri mwebge bagenda basaragurika, bama bīneganegera bakīta mu bitabakwiye.
12
Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’ Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo.
13
Ariko mweho bene Data, ntimurambirwe no gukora iciza.
14
Ni hagira umuntu atumvira ijambo ryacu ryo mur’ iki cete, mumwitegereze, ntimufatanye na we, kugira ngw amāramāre.
15
Ariko ntimumwiyumvire kw ar’ umwansi wanyu, ariko mumuhanūre nka mwene So.
16
Kand’ Umwami Nyen’ amahoro ubgiwe, yame abaha amahoro ibihe vyose uburyo bgose. Umwami abane namwe mwese.
17
Uku ni kwo gutasha kwanje Paulo, kwanditswe n’ukwanje kuboko, ni co kimenyetso mu cete canje cose: ni ko nandika.
18
Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
All chapters:
1
2
3