bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Peter 2
1 Peter 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 3 →
1
Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.
2
Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,
3
nimba vy’ukuri mumaze kwumviriza mukamenya ukugira neza kw’Umwami wacu.
4
Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.
5
Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.
6
Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Raba ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ry’igiciro kandi ryatoranijwe, uwumwizera ntazokwigera amaramara.”
7
Kuri mwebwe abizera, iryo buye rifise igiciro kinini; ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ariko ku batizera bo, handitswe ngo: “Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.”
8
Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.
9
Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.
10
Kera ntimwari ubwoko, ariko ubu muri ubwoko bw’Imana, kera ntimwari bwagirirwe imbabazi, ariko ubu mwarazigiriwe.
11
Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.
12
Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.
13
Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose,
14
canke abatware yahaye kumutwarira intara kugira ngo bahane abakora ibibi kandi bashimire abakora ivyiza.
15
Kuko ico Imana igomba n’uko mukora ivyiza, bigatuma abatubaha Imana babura ico babavuga.
16
Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.
17
Mwubahe umuntu wese, mukunde bene Data, mutinye Imana, mwubahe umwami.
18
Namwe bagurano, mwumvire ba shobuja mububaha rwose, mukore ivyo bababwiye mutabikorera abameze neza gusa, ariko na barya bagoye.
19
Kuko Imana inezerezwa no kubona mukora ibigororotse kandi mwihanganira imibabaro iyo murenganywa muzira kuyubaha.
20
Kuko nimba mwihanganiye guhanwa muhorwa gucumura, n’irihe teka ivyo vyobatera? Ariko nimba mubabazwa muhorwa kuba mwakoze ivyiza hanyuma mukihanganira iyo mibabaro, Imana irabanezererwa.
21
Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.
22
“Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”
23
Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.
24
Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.
25
Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5