bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
2 John 1
2 John 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
1
Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,
2
kuko ukuri kuba muri twebwe kandi kuzogumana natwe ibihe bidashira:
3
Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Yesu Kristo, Umwana wayo, bibandanye bibana natwe mu kuri no mu rukundo.
4
Vyaranezereye cane kubona bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko Data yadutegetse.
5
Ubu na ho ga mupfasoni, sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndakwandikiye kimwe twakira kuva mu ntango: ko dukwiye gukundana.
6
Uru rukundo mvuga rusigura kwitondera amabwirizwa y’Imana, kandi yadutegetse gukundana, nk’uko mwavyumvise kuva mu ntango.
7
Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.
8
Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.
9
Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.
10
Nihagira umuntu aza aho muri akazana inyigisho zitandukanye n’izi, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu canke ngo mumuramutse.
11
Umuntu wese amwakiriye aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi.
12
Mfise vyinshi nshaka kubabwira, ariko sinshaka kubibandikira. Nizera ko nzobagendera tuvugana amaso mu yandi, kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.
13
Abana b’umuvukanyi wawe, umupfasoni yatoranijwe n’Imana, barakuramutsa.
Jump to:
Chapter 1
All chapters:
1