bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
2 Thessalonians 1
2 Thessalonians 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
1
Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’i Tesalonike riri mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:
2
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo bibane namwe.
3
Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.
4
Ni co gituma mu yandi mashengero y’Imana yose twama turiko twirata mwebwe, tubabwira ivy’ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu muri mw’ihamwa hamwe n’ibindi bigeragezo muriko muracamwo.
5
Ivyo vyose ni ivyerekana ko urubanza rw’Imana rubereye, kandi icamwa c’ivyo ni uko muzoharurwa nk’ababereye Ubwami bw’Imana, ubwo muriko murababarizwa.
6
Imana iragororotse: izoteza imibabaro abo bose bariko barabababaza,
7
yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.
8
Azohana abatazi Imana n’abatubaha ivyo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu bwigisha.
9
Bazohanishwa ugutabwa mu muriro udashira no gutandukanywa n’Umwami hamwe n’ubwiza n’ububasha vyiwe.
10
Kuri uwo musi, azoba aje guhimbazwa n’abera biwe, gutazirwa n’abazoba baramwizeye bose. Muri bo namwe murimwo, kuko mwizeye intahe twabashingiye.
11
Ni co gituma twama tubasengera, dusaba Imana ngo ibafashe kugira ubuzima buhwanye n’umuhamagaro wayo, kandi kugira ngo mu bubasha bwayo, ishitse intumbero nziza n’ibikorwa vyiza vyanyu vyose biva mu kwizera.
12
Dusenga gutyo kugira ngo izina ry’Umwami wacu rishirwe hejuru muri mwebwe, kandi namwe mushirwe hejuru muri we, ku bw’ubuntu bw’Imana yacu n’Umwami wacu Yesu Kristo.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3