bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
3 John 1
3 John 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
1
Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.
2
Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko impwemu yawe imerewe.
3
Naranezerewe cane igihe bamwe muri bene Data baza bakambwira ingene uri umwizigirwa kandi ugendera mu kuri.
4
Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.
5
Mugenzi nkunda, werekana ubwizigirwa mu vyo uriko urakorera bene Data, naho ari abanyamahanga kuri wewe.
6
Na bo bashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze ubandanye ubashigikira mu vyo bakeneye mu buryo bunezereza Imana,
7
kuko bafashe urugendo bakorera izina rya Kristo, kandi ntibemeye gufashwa n’abatizera.
8
Dutegerezwa kwakira n’umutima mwiza abantu nk’abo kugira ngo dufatanye na bo gukorera ukuri.
9
Narandikiye ishengero; ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere, ntiyemera ikibanza cacu nk’abarongozi.
10
Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.
11
Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.
12
Demetiriyo avugwa neza na bose, nk’uko ukuri na kwo kumushingira intahe. Natwe tumuvuga neza kandi urazi ko intahe yacu ari iy’ukuri.
13
Mfise vyinshi nshaka kukubwira, ariko sinshaka kubikwandikira.
14
Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.
15
Amahoro abane na we. Abakunzi turi kumwe barakuramutsa. Undamukirize abakunzi muri kumwe, umwe wese ku giti ciwe.
Jump to:
Chapter 1
All chapters:
1