bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Galatians 1
Galatians 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 2 →
1
Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,
2
hamwe na bene Data bose turi kumwe, Turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya:
3
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.
4
Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.
5
Icubahiro kibe icayo ibihe vyose, Amen.
6
Ndatangajwe n’ingene mwihuse kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,
7
kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.
8
Ariko, naho yoba twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza ababwira Ubutumwa butandukanye n’ubwo twababwiye, umuvumo w’Imana ube kuri we!
9
Nk’uko twabivuze ubwa mbere, n’ubu ndabisubiyemwo: umuntu wese yobabwira ubutumwa butandukanye n’ubwo mwakiriye, umuvumo w’Imana ube kuri we!
10
Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.
11
Bene Data, ndashaka ko mumenya ko Ubutumwa Bwiza nababwiye butavuye mu vyiyumviro vy’umuntu.
12
Sinabuhawe n’umuntu n’umwe, kandi si ubwo nigishijwe. Ariko, naburonse ndabuhishuriwe na Yesu Kristo.
13
Mwarumvise ingene nari mbayeho nkiri mw’idini ry’Abayuda, ingene nahama ishengero ry’Imana nkobeje rwose kugira ngo ndarizimanganye.
14
Ico gihe, nari imbere rwose mw’idini ry’Abayuda, kurusha abandi bo mu runganwe rwanje, kandi nari mfise umwete mwinshi cane wo kwitondera imigenzo ya ba sogokuruza.
15
Ariko kuva nkiri mu nda ya mama, Imana yari yarantoranije, impamagara mu buntu bwayo. Hanyuma vyayihimbaye
16
kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,
17
kandi sinabanje kuduga i Yerusalemu kubaza ababanje kuba intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya, mu nyuma ngaruka i Damasiko.
18
Hanyuma, haheze imyaka itatu, ni ho naduga i Yerusalemu kugira ngo tumenyane na Kefa, tumarana imisi cumi n’itanu.
19
Nta yindi ntumwa twabonanye, kiretse Yakobo mwene nyina w’Umwami wacu.
20
Ndi imbere y’Imana sinshobora kubesha, ivyo ndabandikiye ni ukuri.
21
Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.
22
Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.
23
Ico bari barumvise kuri jewe, ni inkuru yavuga ngo: “Wa muntu yahora aduhama ubu asigaye yigisha ukwizera yigeze kugerageza kuzimanganya.”
24
Maze bahimbaza Imana ku bwanje.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6