bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Titus 2
Titus 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 3 →
1
Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri.
2
Wigishe abatama kutarenza urugero mu kintu na kimwe, kuba inyankamugayo, kuganza ingeso zabo, kuba bazima mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana.
3
Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.
4
Bigishe abagore bakiri bato gukunda abagabo babo n’abana babo,
5
kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.
6
Abakiri bato na bo ubahimiririze kuganza ingeso zabo.
7
Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.
8
Amajambo yawe abe ay’ukuri, atagiramwo umugayo, kugira ngo abakugwanya baze bamaramare, babure ikibi batuvugako.
9
Wigishe abagurano kwubaha ba shebuja muri vyose, barondere kubanezereza muri vyose, birinde kubahaririza,
10
kandi ntibabibe, ariko berekane ko bashobora kuba abizigirwa rwose; gutyo bazotuma inyigisho z’Imana, yo Mukiza wacu, zihurumbirwa muri vyose.
11
Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.
12
Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,
13
turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.
14
Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.
15
Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimiririze kubikora kandi ukosore abatabikora, kandi ubigire mu mubasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugusuzugura.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3