bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Peter 2
1 Peter 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 3 →
1
Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,
2
mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza;
3
asangwa mwarayumvirije mukumva yuk’ Umwami wacu agira neza.
4
Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro,
5
mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.
6
Kuko mu vyanditswe harimw’ aya majambo, ngo Rāba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, Kand’ ūryizera ntazomāramāzwa.
7
Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,
8
N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.
9
Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:
10
kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.
11
Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo;
12
mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.
13
Kubg’ Umwami wacu, ubukuru bgose bgashizweho n’abantu mubugamburukire: ar’ umwami, kukw ari we gaheta;
14
cank’ abakuru, kukw ari bo atuma guhana inkozi z’ibibi no gushima inkozi z’ivyiza.
15
Kukw ivy’ Imana igomba ar’ uk’ ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge batagira ico bazi:
16
ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.
17
Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.
18
Bashumba, mugamburukire ba shobuja, mububashe rwose, atar’ ababagirira neza n’ababihanganira gusa, ariko n’abadadika.
19
Kukw igishimwa ar’ uk’ umuntu, namb’ ahanūwe n’ijwi ryo mu mutima gukora ivy’ Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahōwe ubusa.
20
Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.
21
Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.
22
We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;
23
yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.
24
Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.
25
Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5