bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Thessalonians 5
1 Thessalonians 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
1
Ariko bene Data, ivy’ ibihe n’imisi ntimurinda kuvyandikirwa.
2
Kuk’ ubganyu muzi neza yuk’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro.
3
Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.
4
Ariko mweho, bene Data, ntimuri mu mwiza, ng’uwo musi ubūbīre nk’igisuma:
5
kuko mwese mur’ abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntitur’ ab’ ijoro cank’ ab’ umwiza.
6
Nuko rero ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza.
7
Kukw abasinzira basinzira mw ijoro, n’ababorerwa baborerwa mw ijoro.
8
Ariko tweho, ko tur’ ab’ umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikīngīra igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.
9
Kukw Imana itādushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n’Umwami wacu Yesu Kristo,
10
ni we yadupfiriye kugira ngo tubaneho na we, ar’ iyo turi maso canke dusinziriye itiro ry’urupfu.
11
Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.
12
Ariko bene Data, turabinginga, mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra,
13
mububahe rwose mu rukundo kubg’ igikorwa cabo. Mubane amahoro.
14
Kandi turabahanūra, bene Data, muhubūre abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose.
15
Mwirinde, ntihagire umuntu yīhōra uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.
16
Munezerwe imisi yose;
17
musenge ubudasība;
18
mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.
19
Ntimukazimye Mpwemu;
20
ntimugakengere ivy’ abavugishwa n’Imana;
21
mugerageze vyose, mugumye ivyiza,
22
mwirinde icitwa ikibi cose.
23
Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.
24
Ībahamagara n’iyo kwizigirwa; no kubikora izobikora.
25
Bene Data, mudusengere.
26
Muramukishe bene Data kugumbirana kwera.
27
Ndabarahiye Umwami wacu, iki cete ntikize kibure gusomerwa bene Data bose.
28
Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
All chapters:
1
2
3
4
5