bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 John 1
2 John 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
1
Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,
2
kubg’ ukuri kuba muri twebge, kukazogumana natwe ibihe bidashira.
3
Ubuntu n’imbabazi n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no kuri Yesu Kristo, Umwana wa Data wa twese, bizobana natwe mu vy’ukuri no mu rukundo.
4
Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko twagezwe na Data wa twese.
5
Kandi none ndakwinginga mukamakare, si nk’ūkwandikira icagezwe gisha, ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere, ngo dukundane.
6
Uru ni rwo rukundo, n’uko tugenda dukurikira ivyagezwe na we. Ico ni co cagezwe, nk’uko mwumvise uhereye mbere na mbere, ko mukigenderamwo.
7
Kukw abayobeza benshi baserutse bakaja mw isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Ūmeze artyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo.
8
Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije.
9
Umuntu wese arārāta, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana: ūguma mu vyo yigishije ni we afise Data wa twese n’Umwana.
10
Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze:
11
kuk’ ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.
12
Naho nari mfise vyinshi vyo kubandikira, singomvye kuvyandikisha wino ku rupapuro: ariko nizigiye kuzoza i wanyu ngo tuvugane imbonankubone kugira ng’umunezero wanyu ube uwuzuye.
13
Abana ba mwene nyoko yatoranijwe baragutasha.
Jump to:
Chapter 1
All chapters:
1