bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Peter 1
2 Peter 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
1
Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.
2
Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.
3
Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.
4
Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.
5
Mbere kubg’ iyo nyanduruko nyene, ubganyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek’ ubgenge;
6
ubgenge mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana;
7
ukwubaha Imana mukwongereko gukunda bene Data; ugukunda bene Data mukwongerek’ urukundo.
8
Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute cank’ ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.
9
Kuk’ ūtagira ivyo ar’ impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera.
10
Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.
11
Kuko ni vyaba birtyo, muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.
12
Ni co gituma imisi yose ntazotenzura kubibutsa ivyo, naho mubizi mukaba mushikamye mu kuri kuri muri mwebge.
13
Ndiyumvira yuko nkwiye kubakangura mbibutsa, nkiri mur’ uru rusago.
14
Kuko nzi yukw igihe co kwamburwa urusago rwanje kiza kuza gitebutse, nk’uk’ Umwami wacu Yesu Kristo yammenyesheje.
15
Ariko nzogira umwete, kugira ngo ni namara gutaha muze mushobore kwama mwibuka ivyo.
16
Kuko tutākurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye.
17
Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara.
18
Iryo jw i twaryumvise rivuye mw ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera.
19
Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:
20
irya mbere mukwiye kumenya, n’ukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’ umuntu avyigombera,
21
kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3