bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
3 John 1
3 John 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
1
Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.
2
Mukundwa, ndagusengera ng’umererwe neza muri vyose, uhore uhangaye, nk’uk’ ubugingo bgawe bumerewe neza.
3
Kuko nanezerewe cane hamwe bene Data baza bagashingira intahe ukuri kwawe, yuk’ ugendera mu kuri.
4
Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.
5
Mukundwa, wama uyoboka mu vy’ ukorera bene Data vyose, kand’ ar’ injabuka:
6
na bo bashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y’ishengero. Kand’ uzoba ugize neza ni wabarungika, uko bibereye ab’ Imana.
7
Kuko bavuye i wabo kubg’ Izina rya Yesu, ata co batse abanyamahanga.
8
Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye n’ukuri gukora igikorwa.
9
Har’ ico nandikiye ishengero: ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera.
10
Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’ akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu, kandi ntagarukiza kur’ ivyo gusa, arik’ ubgiwe ntiyākīra bene Data, n’ababigomba arababuza, akabaca mw ishengero.
11
Mukundwa, ntukīgāne ikibi, ariko wīgāne iciza. Ūkora ivyiza ni we w’Imana; ūkora ibibi ntiyabonye Imana.
12
Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n’ukuri ubgakwo kurayimushingira: natwe nyene turayimushingira; nawe urazi kw ivyo dushingira intahe ar’ ivy’ ukuri.
13
Nari mfise vyinshi vyo kukwandikira, mugabo singomba kukwandikishiriza wino n’ikaramu:
14
ariko nizigiye ko nzokubona vuba, tukazovugana imbonankubone.
15
Amahoro abane nawe. Abakunzi barakuganutsa. Untahirize abakunzi, ukw amazina yabo angana.
Jump to:
Chapter 1
All chapters:
1