bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Amos 9
Amos 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
1
Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza.
2
Naho bokwiyimbira bakaja i kuzimu, na ho ukuboko kwanje kwobakūrayo; naho bokwūrira bakaja mw ijuru, na ho nyene nzobamanurayo.
3
Kandi naho bokwinyegeza ku mpinga ya Karumeli, na ho nzobarondera mbanyegurureyo; canke naho bokwihisha inyonga zanje i bgina mu kiyaga, aho na ho nzogomora inzoka ibakomorereyo.
4
Kandi naho bokwambukanwa n’abansi babo ar’ inyagano, aho na ho nzohabagomorera inkota, ibamare: kandi nzobatungīra igitsure co kubazanira ivyago ariko s’amahirwe.
5
Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo ari we akora ku gihugu, kigaca gishonga, abakibamwo bose bagacura umuborogo; kigateragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura, kigasubira kigahwāmīra nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa;
6
kandi ni we yiyubakira ingoro mw ijuru, agahetera ijuru ryiwe kw isi; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga akayasuka kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
7
Mbega ntimumbereye nk’Abanyetiyopiya, ga mwa Bisirayeli mwe? ni k’Uhoraho abaza. Mbega si jewe nadūganye Abisirayeli mbakūye mu gihugu ca Egiputa, n’Abafilisitiya nkabakūra i Kafutori, n’Abasiriya nkabakūra i Kiri?
8
Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.
9
Kuko rāba nzobishinga, ngosorere ab’ inzu ya Isirayeli mu moko yose, nk’ibigosozwa urutaro, ariko nta gatete na kamwe kazokorokera hasi.
10
Abanyavyaha bose bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota, kand’ ari bo bavuga, bat’ Ivyago ntibizoduhamvya canke ngo duhūrire imbere.
11
Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;
12
kugira ngo begukire amasigarira y’Abanyedomu, n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje, ni k’Uhoraho agize, kand’ akora ivyo.
13
Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, umurimyi azogerekerana n’umwimbuzi, n’umukānyi w’inzabibu agerekerane n’ūbiba imbuto; kand’ imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi twose tuzisendanishe.
14
Kandi nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bājanywe ar’ inyagano, bongere kwubaka ibisagara vyāsenyutse, babibemwo; bazotera imirima y’imizabibu, binywere vino yayo; bazorima indimiro bīrīre ivyeze muri zo.
15
Kandi nzobateragira mu gihugu cabo, ntibazosubira kurandurwa mu gihugu cabo nabahaye, ni k’Uhoraho Imana yawe igize.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9