bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Colossians 4
Colossians 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
1
Ba shebuja, namwe ni mugirire abagurano banyu ibigororotse n’ibibereye, kuko muzi yuko namwe mufise Shobuja mw ijuru.
2
Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;
3
kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngw Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe,
4
kugira ngo ndariserure nk’uko nkwiye kuvuga.
5
Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.
6
Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.
7
Tukiko mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, umugenzi dukorana mu Mwami wacu, azobīgānira ivyanje vyose.
8
Ni we mbatumyeko kubg’ ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngw aremeshe imitima yanyu,
9
ndamutumanye na Onesimo mwene Data w’umwizigirwa, uwo dukunda, yavuye i wanyu; bazobīgānira ivy’ ino vyose.
10
Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.
11
Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha: abo bonyene bo mu bākebge ni bo bakorana nanje kubg’ ubgami bg’Imana, kandi bāmmaze umubabaro.
12
Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.
13
Ndamushingira intahe yukw abagirira umwete mwinshi, mwebge n’ab’i Lawodikiya n’ab’i Hiyerapoli.
14
Luka, umuganga akundwa, na Dema, barabatasha.
15
Muntahirize bene Data b’i Lawodikiya, na Numfa, n’ishengero ryo mu nzu yiwe.
16
Kand’ iki cete ni mwaheza kugisomerwa, muze mwitwaririke ko gisomerwa ishengero ry’i Lawodikiya; kandi namwe muze musome ikizova i Lawodikiya nyene.
17
Kandi muze mubarire Arukipo, mut’ Urābe igikorwa c’ubusuku wahawe mu Mwami wacu, ucuzuze.
18
Uku ni kwo gutasha kwanje Paulo, kwanditswe n’ukwanje kuboko. Mwibuke iminyororo yanje. Ubuntu bubane namwe.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
All chapters:
1
2
3
4