bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ephesians 4
Ephesians 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 5 →
1
Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,
2
mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,
3
mushishikaye kuzigamisha ubumwe buva kuri Mpwemu umugozi w’amahoro.
4
Harih’ umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ihamagarwa ryanyu.
5
Harih’ Umwami umwe, n’ukwizera kumwe, no kubatizwa kumwe;
6
n’Imana imwe, ni yo Data wa twese, asumba bose, akoresha bose, ari muri bose.
7
Arik’ umuntu wese muri twebge yahawe ubuntu, nk’uko tugererwa ingabire ya Kristo.
8
Ni co gituma ivuga, iti Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, Agabira abantu ingabire.
9
Arikw iryo jambo ngo Yaradūze, n’iki? Mbega ntiryerekana yuko yabanje kumanuka i kuzimu?
10
Uwo yamanutse ni we yadūze, aja hejuru y’amajuru yose, kugira ngw anengesere vyose.
11
Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:
12
kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo:
13
kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo:
14
kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.
15
Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo;
16
umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.
17
Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo,
18
ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubg’ ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’ imitima yabo.
19
Kandi bābaye ibiti, bīshira mu ngeso z’isoni nke, gukora ibihumanya vy’uburyo bgose bifatanije n’ukwifuza.
20
Ariko mweho ntimwize Kristo murtyo,
21
namba mwaramwumvise, mukigishirizwa muri we nk’uk’ ukuri kwo muri Yesu kuri,
22
kubabgira ku vy’ingeso zanyu za kera ngo mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo;
23
mugahinduka basha mu mpwemu y’ubgenge bganyu,
24
mukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.
25
Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, kuko tur’ ingingo za bagenzi bacu.
26
Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse,
27
kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro.
28
Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.
29
Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.
30
Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa.
31
Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.
32
Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6