bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Esther 7
Esther 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 8 →
1
Nuk’ umwami na Hamani baza gusangira n’umwamikazi Esiteri.
2
Maze kur’ uwo musi ugira kabiri wo kunywa igiturire ca vino, umwami yongera kubaza Esiteri, at’ Ico usaba n’iki ga mwamikazi Esiteri, ukagihabga? Urondera iki? N’iyo coba igisate c’igihugu canje uragihabga.
3
Maz’ umwamikazi Esiteri aramwishura, ati Namba ngize ubutoni imbere yawe, mugenzi, ukavyemera, mwami, nsabiye agatwe kanje, nsabiye n’ubgoko bgacu;
4
kuko twe n’ubgoko bgacu twaguzwe, ngo tugesezwe, twicwe, duhone. Iyo tuba twaraguzwe ngo tuje mu buja gusa, nocereje, kuko naho vyodukomereye cane, sinorinze kugora umwami.
5
Maz’ umwami Ahasuwerusi abaza umwamikazi Esiteri, ati Ni nde yubahutse kwīgīra inama nk’iyo, kand’ ari hehe?
6
Esiteri aramwishura, ati N’umubisha kandi n’umwansi, ni we uyu muyobe Hamani! Maze Hamani acikira ivutu imbere y’umwami n’umwamikazi.
7
Umwami aca ahagurukana uburake, ava ku giturire ca vino, arasohoka aja mu nyubakwa yo ku ngoro; Hamani na we ava hasi ngw asabire agatwe kiwe ku mwamikazi Esiteri; kuko yar’ abonye k’umwami amaramaje kumwica.
8
Maz’ umwami aragaruka, avuye mu nyubakwa yo ku ngoro, yinjira ha handi hār’ igiturire ca vino: asanga Hamani yikubise ku musegamuro Esiteri yariko. Umwami aravuga, ati Mbeg’ agira ngw afatire n’umwamikazi mu ngoro yanje aho mbona? Iryo jambo rikiva mu kanwa k’umwami, Hamani bamupfuka mu maso.
9
Maze Haribona, umwe mu nkone zama hafi y’umwami, aravuga, at’ Ushime mbere kwa Hamani hashinze igiti c’intambge mirongwitanu z’ukuboko uciriye mu nkokora, ico Hamani yagereye Moridekayi, kand’ ari we yavuze ijambo ryākijije umwami. Umwami aravuga, ati Mube ari co mumumanikako.
10
Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10