bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Galatians 6
Galatians 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
1
Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.
2
Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.
3
Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha.
4
Arik’ umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we.
5
Kuk’ umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.
6
Arik’ uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.
7
Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.
8
Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.
9
Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.
10
Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.
11
Murābe ingene mbandikishirije ukwanje kuboko inyuguti nini‐nini.
12
Abagomba bose kwiha igikundiro ku vy’ umubiri ni bo babagōbēra gukebga; nta yindi nyanduruko, n’ukugira ngo ntibahamwe bahōrwa umusaraba wa Kristo.
13
Kukw abākebge na bo nyene batitondera ivyagezwe, ariko bashaka ko mukebga, ngo birate imibiri yanyu.
14
Ariko jeho sinkirate ikindi, atar’ umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge.
15
Kuko gukebga ata kimazi, no kudakebga nta kimazi, ikigira ikimazi n’icaremwe gisha.
16
Abazogendera kur’ urwo rugezo, amahoro abe muri bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana.
17
Uhereye none ntihakagire umuntu angora, kuko mfise ku mubiri inkovu za Yesu.
18
Bene Data, ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu. Amen.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
All chapters:
1
2
3
4
5
6