bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
James 4
James 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 5 →
1
Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?
2
Murifuza, ariko ntimuhabga: murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabga kuko mudasaba:
3
murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.
4
Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.
5
Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?
6
Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.
7
Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.
8
Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.
9
Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.
10
Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.
11
Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.
12
Ūshinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n’Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonnya: ariko wewe ur’ iki, uhinyura mugenzawe?
13
Umve rero, yemwe abavuga ng’ Uyu musi cank’ ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’ umwaka, tudandaze, turonke inyungu:
14
ariko mutazi ibizoba ejo. Ubugingo bganyu ni nk’iki? Mur’ umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.
15
Ariko mwari mukwiye kuvuga, mut’ Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.
16
Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’ ukwo ni kubi.
17
Nuk’ ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5