bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jude 1
Jude 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
1
Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.
2
Imbabazi n’amahoro n’urukundo bigwire muri mwebge.
3
Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.
4
Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.
5
Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuk’ Umwami Imana, imaze gukirisha bga bgoko kubakūra mu gihugu ca Egiputa, hanyuma yahoneje abatizeye.
6
N’abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.
7
Kandi n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakīha ubusambanyi nka ba bandi, n’ukwendana, ukw imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano c’umuriro utazima.
8
Ariko na barya nyene bahwanye na bo, inzozi zabo zibatera kwōnōna imibiri yabo, no gukēngēra ukuganzwa no gutuka abanyacubahiro.
9
Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.
10
Arikw abo bantu batuka ivyo batazi: kandi n’ivyo bamenyeshwa n’akameremere kabo, nk’ukw ibikōko bimeze bitagira ubgenge, na vyo nyene baravyiyonōnesha.
11
Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bga Balamu kubg’ amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.
12
Abo n’ivyubirizi mw isangira ryanyu ry’urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; n’abungere bīragira ubgabo ata dusoni: n’ibicu bitagira amazi, bikubebga hose n’umuyaga; n’ibiti birumvye bitāma, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n’imizi;
13
n’imipfunda yo mu kiyaga isūriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; n’inyenyeri ziyerera zibīkiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira.
14
Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,
15
kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.
16
Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.
17
Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;
18
ko bābabgiye, bati Mu gihe c’iherezo hazoboneka abacokoranyi bagenda bakurikira ukwifuza kwabo kwo kutubaha Imana.
19
Abo ni bo bazana kwirema ibice; n’abantu gusa, ntibafise Mpwemu.
20
Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,
21
mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.
22
Ababahāririza mubahanūre:
23
abandi mubakize, mubokore mu muriro: abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n’impuzu itewe amarabaga n’umubiri.
24
Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,
25
ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubgiza n’icubahiro n’inganji n’ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, na bugingo n’ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amen.
Jump to:
Chapter 1
All chapters:
1