bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Nahum 1
Nahum 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
1
Imbūri yo kuri Ninewe. Igitabo c’ivyo Nahumu Umwelekoshi yeretswe.
2
Uhoraho n’Imana ifūha kandi ni we ahōra; Uhoraho arahōra kandi yuzuye uburake; Uhoraho yihōra abarwanizi biwe, kand’ abansi biwe ababīkira uburake.
3
Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.
4
Akankamira ikiyaga akagikamya, agakamya n’ inzūzi zose; Bashani na Karumeli harahondobereye, n’amashurwe y’i Lebanoni arahondobereye.
5
Imisozi ishizwe mu gatengo na we, n’uturambi turashonze; isi isebagizwa imbere yiwe, isi n’abayibako bose.
6
Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.
7
Uhoraho ni mwiza, n’ubuhungiro bgo ku musi w’amagorwa; kand’ arazi abamwizigira.
8
Arikw abarwanizi biwe azotuma batwarwa n’uruzi rusendanisha, kand’ abansi biwe azobakinagiza abashitse mu mwiza.
9
Ivyo muja imigabo k’Uhoraho n’ibiki? Azobageseza rwose: ubgo buyobe ntibuzorinda guhaguruka ubugira kabiri.
10
Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.
11
Muri wewe haturutse uwagiye imigabo mibi k’Uhoraho, aja inama y’ibibi.
12
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Naho bogira inkomezi nyinshi, bagatako bakaba benshi, bazogesezwa, n’uyo na we azokamangana. Ariko weho naho nakubabaje, sinzosubira kukubabaza ukundi.
13
Mber’ ubu ngira mvune ingōgo yiwe ikuveko, mvutagure n’imvuto zikuboshe.
14
Kand’ Uhoraho yarashinze ivyawe, ngo Nta bandi b’izina ryawe bazosubira gutoha; nzohenebereza igishushanyo cabājwe n’igishushanyo cavugutiwe mu nkero mu nzu y’ibigirwamana vyawe; nzokwimbira icobo co kuguhambamwo, kuk’ ugayitse.
15
Rāba ku misozi ibirenge vy’ ūzanye inkuru nziza, akāmāmaza ivy’ amahoro! Buyuda we, ni witondere imisi mikuru yawe, ushitse amasezerano yawe: kuk’ umunyakibi atazosubira guca hagati muri wewe: arahenebereye rwose.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3