bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Nehemiah 1
Nehemiah 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 2 →
1
Amajambo ya Nehemiya mwene Hakaliya. Mu kwezi kwa Kisilevu, mu mwaka ugira mirongwibiri, nari nsanzwe ndi ku murwa i Shushani.
2
Maze Hanani, umwe wo muri bene wacu, araza azananye n’abantu bamwe bavuye i Buyuda. Mbabaza inkuru z’amasigarira y’ Abayuda, abāri barasigaye batajanywe ar’ inyagano, mbabaza n’ inkuru z’i Yerusalemu.
3
Barambgira, bat’ Abāri barasigaye mur’ ico gihugu batājanywe ar’ inyagano bari n’amarushwa menshi n’ibitētērwa, kand’ inzitiro z’ amabuye z’i Yerusalemu zarasenyutse, n’amarembo yaho yarahiye.
4
Nuko mmaze kwumva izo nkuru nca nicara ngaho ndarira, mmara imisi mbabaye nisonzesha, nsengera imbere y’Imana Nyen’ ijuru.
5
Ndavuga, nti Ndakwinginze, ewe Uhoraho, Mana Nyen’ ijuru, Mana nkuru uteye ubgoba, ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe.
6
None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.
7
Eka twaragucumuyeko bikomeye, ntitwitondeye ivyagezwe vyawe n’ivyo washinze n’amabgirizwa yawe, ivyo wageze umusavyi wawe Mose.
8
Ni wibuke ijambo wabariye umusavyi wawe Mose, uti Ni mwandyaruka nzobashwiragiriza mu mahanga;
9
ut’ Ariko ni mwampindukirira, mukitondera ivyagezwe vyanje mukabishitsa, nah’ abirukanywe bo muri mwebge bazoba bar’ iy’ ijuru riherera, uti Sinobura kubakūrayo nkabēgeranya, nkabazana ha hantu nitoranirije ngw izina ryanje rihabe.
10
None rero, abo ni bo basavyi bawe, kandi n’abantu bawe wacunguje ububasha bgawe bginshi bo n’ukuboko kwawe kw’ inkomezi.
11
Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’ abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwo muntu nsavye. Kuko nari nsanzwe nd’ umukevyi mpereza umwami igiturire.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13