bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Philemon 1
Philemon 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
1
Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, na Timoteyo mwene Data, turakwandikiye Filemoni uwo dukunda, dusangiye igikorwa,
2
na Apiya mushiki wacu, na Arukipo turwanana, n’ishengero ryo mu nzu yawe:
3
ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.
4
Nshima Imana yanje ubudasība, nguhoza mu kanwa uko nsenze,
5
kuko numvise urukundo rwawe n’ukwizera Umwami Yesu kwawe, ukwo wereka abera bose:
6
kugira ng’ ugufataniriza mu kwizera kwawe gushobore vyinshi kubga Kristo, mu kumenyekanisha ivyiza vyose vyo muri twebge.
7
Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.
8
Kubg’ ivyo, naho mfise ubushizi bg’amanga bgose muri Kristo bgo kukugerakw ibikwiye,
9
mpisemwo kukwinginga kubg’ urukundo, uko ndi kose Paulo umutāma, kandi none nd’imbohe ya Kristo Yesu.
10
Ndakwitwayeko ku mwana wanje Onesimo uwo navyariye mu minyororo yanje,
11
atākugirira ikimazi kera, ariko noneh’ atugirira ikimazi twempi.
12
Ni we nyene nkurungikiye, ni we mutima wanje.
13
Mba ndamugumije kugira ngw ankorere mu gishingo cawe, mboshwe n’iminyororo y’ubutumwa bgiza.
14
Ariko nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngw iciza ukora ntikibe ic’ ugōberewe, arik’ ugikore ubikunze.
15
Kumbure icatumye atandukanywa nawe igihe gito kwar’ ukugira ng’ uz’ umwamane imisi yose:
16
atakir’ umugurano wawe, arikw aruta umugurano, ari mwene So, akundwa: akundwa nanje cane, arikw arushiriza gukundwa nawe, mu vy’umubiri no mu Mwami wacu.
17
Nuko namb’ unyiyumvira ko dusangiye igikorwa, umwākīre nk’uko nanje wonyakiriye.
18
Arikw asangwa har’ ico yaguhemukiyeko, canke har’ umwenda agufitiye, ubimparūreko.
19
Ni jewe Paulo nandikishije ukwanje kuboko yuko nzovyishura: reka noye kukubgira yuk’ uri n’umwenda wanje, uwo mwenda ni wewe ubgawe.
20
Ego, mwene Data, nkubonemw’ ikimazi mu Mwami wacu: unduhure umutima muri Kristo.
21
Nkwandikiye nizigiye k’uzonyumvira, nzi yuk’ uzokora n’ibiruta ivyo mvuze.
22
Kandi n’ikindi, untegurire indāro; kuko nizigiye yuko muzompabga kubg’ amasengesho yanyu.
23
Epafura, mugenzanje tubohanywe muri Kristo, aragutasha,
24
na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.
25
Ubuntu bg’Umwami Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu. Amen.
Jump to:
Chapter 1
All chapters:
1