bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Ruth 1
Ruth 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 2 →
1
Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi.
2
Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo.
3
Elimeleki, umugabo wa Nawomi, arapfa; asigarana n’abahungu biwe bompi.
4
Bābīra Abanyamowabukazi; umwe yitwa Orupa, uwundi yitwa Rusi: bamaray’ imyaka nk’ icumi.
5
Maze Mahaloni na Kiliyoni bompi barapfa; uwo mugore abura abana biwe bompi n’umugabo wiwe.
6
Bukeye avana hasi n’abakazana biwe, kugira ngw ave mu gihugu c’i Mowabu asubire i wabo: kuko yari yumvise ari mu gihugu c’i Mowabu yuk’ Uhoraho yagendeye abantu biwe, akabaha ivyo kurya.
7
Ava aho hantu yar’ ari, bo n’abakazana biwe bompi, bajana inzira isubira mu gihugu c’i Buyuda.
8
Nawomi abgira abakazana biwe bompi, ati Ni mugende, musubire mu mazu ya ba nyoko: Uhoraho abagirire neza, nk’uko mwagiriye neza abahisi, bo nanje.
9
Uhoraho abahe mwempi gusubira kwubaka ingo mugire abagabo. Arabagūmbīra, baraturikisha, bararira.
10
Baramwishura, bat’ Oya, ariko turasubiranayo nawe mw ihanga ryanyu.
11
Nawomi arabishura, ati Bakobga banje, ni mwisubirire inyuma: n’iki gitumye mugomba kujana nanje? Har’ abandi bana ngifise mu nda, ngo baze babe abagabo banyu?
12
Ni mwisubirire inyuma, bakobga banje, mwīgīre; kuko ndenze gucūrwa. Iyo mba mvuzeho, nti Ndi n’ivyizigiro; ndeke naho noronka umugabo iri joro nyene nkazovyara abahungu;
13
mbeg’ ivyo vyotuma mubarīndīra gushitsa aho bazokurira? Ivyo vyotuma mureka kurondera abagabo? Vyoye kuba birtyo, bakobga banje, kuko muntera akagongwe, kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kwaramvuriye kundwanya.
14
Barongera baraturikīsha, bararira: Orupa agūmbīra inabukwe, ariko Rusi we amugumakw akaramata.
15
Nawomi aravuga, ati Rāba, mugenzawe asubiye mu b’i wabo no ku mana yabo: nawe subirayo, ukurikire mugenzawe.
16
Rusi aramwishura, ati Reka kunyinginga kuguheba, no gusubira inyuma ngo noye kugukurikira; kukw ah’ uzoja ari ho nzoja, kand’ ah’ uzorāra ari ho nzorāra; ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje;
17
ah’ uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’ urupfu.
18
Nawomi abonye yukw amaramaje kujana na we aca arahora.
19
Nuko bompi barajana kurinda bashika i Betelehemu. Nuko rero bashitse i Betelehemu abo mu gisagara bose barashwabāduka, abagore barabazanya, bati Mbeg’ uyo yoba Nawomi?
20
Arabishura, ati Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi.
21
Navuye ino nninahaye, Uhoraho angarukanye i wacu nd’ imbokoboko: munyitira iki Nawomi, Uhoraho ko yantuntuje, kandi Rugira Vyose akaba yanteye ivyago?
22
Uko ni ko Nawomi yagarukanye na Rusi Umunyamowabukazi umukazana wiwe, bavuye mu gihugu c’i Mowabu: bashika i Betelehemu mw itangura ry’igenya rya sayiri.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4