bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Thessalonians 1
1 Thessalonians 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 2 →
1
Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye, mwebwe abo mw’ishengero ry’i Tesalonike bari mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo: Ubuntu n’amahoro bibane namwe.
2
Twama dushima Imana ku bwanyu, kandi tubasengera ubudahumeka.
3
Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.
4
Turazi neza, bene Data bakundwa b’Imana, ko yabatoranije,
5
kuko Ubutumwa Bwiza twabazaniye atari amajambo gusa, ariko bwarimwo ubushobozi, kuko Mpwemu Yera yabahaye ukwemezwa mu mitima ko ivyo twababwira kwari ukuri. Kandi murazi ingene twigenza muri mwebwe ku bwanyu.
6
Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.
7
Ni co gituma mwabaye akarorero ku bandi bizera b’i Makedoniya no muri Akaya hose.
8
Ijambo ry’Umwami wacu ryarasamiranye riva iwanyu, ntiryashika i Makedoniya no muri Akaya gusa, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwaramenyekanye hose. Ni co gituma tutarinda kugira ico tubabwira ku vy’ukwo kwizera,
9
kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.
10
Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5