bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
2 Corinthians 2
2 Corinthians 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 3 →
1
Ni co gituma nafashe ingingo yo kudasubira kubagendera kugira ngo sinongere kubazanira umubabaro.
2
Kuko nimba narabateye umubabaro, hari abandi bazontera umunezero atari mwebwe nababaje?
3
Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abonteye umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje.
4
Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, ntipfuza kubatera imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda.
5
Nimba hariho uwabateye umubabaro, si jewe yabikoreye, ni mwebwe mwese yabikoreye, canke bamwe muri mwebwe, kandi aha sindengeje urugero.
6
Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze.
7
Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege.
8
Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo.
9
Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.
10
Uwo muntu mumuhariye, nanje nzoba ndamuhariye. Kandi igihe cose bikenewe ko ntanga imbabazi, ndabikora ku bwanyu ndi imbere ya Kristo,
11
kugira ngo Satani ntaronke aho adufatira, kuko turazi ivyo yiyumvira.
12
Igihe naja i Tirowa kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo, nasanze Imana yanyugururiyeyo imiryango yo kubikora.
13
Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.
14
Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu kwigina intsinzi ya Yesu. Iciye kuri twebwe, imenyekanisha Kristo kuri bose nk’umubavu umota neza.
15
Kuko ku Mana turi ubumote bwa Kristo, ku bariko barakizwa n’abariko baraja mu mahonero.
16
Ku bariko baraja mu mahonero turi umunuko w’urupfu, ariko ku bariko barakizwa turi akamoto k’ubuzima. Mbega ni nde abereye gukora igikorwa nk’iki?
17
Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13