bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
2 Corinthians 3
2 Corinthians 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 4 →
1
Mbega dusubiriye gutangura kwihayagiza? Canke dukeneye amakete yo kuduhayagiza mwandikirwa canke mwandika, nk’uko bamwe bayakenera?
2
Ni mwebwe nyene makete yacu yanditswe mu mitima yacu, ayo bose basoma bakayatahura.
3
Muragaragaza ko muri ikete ryanditswe na Kristo, ryavuye mu gikorwa cacu, ritanditswe n’irangi ry’ikaramu, ariko ryanditswe na Mpwemu w’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye ariko ku bisate vy’imitima y’abantu.
4
Ivyo turabizi neza kubera ukwizigira Imana guhambaye dufise muri Kristo.
5
Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.
6
Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.
7
Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo,
8
mbega igikorwa ca Mpwemu Yera ntikizorushiriza kugira ubwiza burengeje?
9
Nimba igikorwa cadutsindisha cari cisakaje ubwiza, mbega igikorwa kituzanira ukugororoka ntikizorushiriza kwambara ubwiza?
10
Twovuga mbere ko imbere y’ubwo bwiza butangaje, ubwiza bwo hambere budasubira no kuboneka.
11
Kandi nimba ivya kera bihera vyari vyuzuye ubwiza, mbega ibishasha bizohoraho ntibizorushiriza kugira ubwiza burengeje?
12
Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga.
13
Ntitumeze nka Mose yahisha mu maso hiwe n’igitambara kugira ngo Abisirayeli ntibabone ukwo gukayangana, kandi kwari ukw’akanya gato.
14
Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.
15
No gushika uno musi, iyo basomye ivyagezwe vya Mose, ico gitambara kiguma gipfutse imitima yabo, bituma badatahura.
16
Ariko hagize uwuza ku Mwami Yesu, ca gitambara kimukurwako.
17
Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo.
18
Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13