bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Colossians 3
Colossians 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 4 →
1
None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.
2
Ubwenge bwanyu mubushire ku biri mw’ijuru, ntimubushire ku biri mw’isi.
3
Kuko mwapfuye, ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristo mu Mana.
4
Aho Kristo, we bugingo bwanyu azoserukira, namwe muzoserukana na we muri mu bwiza.
5
Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.
6
Kuko ivyo bizotuma uburake bw’Imana buza.
7
Kera namwe mwabigenderamwo, mukiri mu buzima bwanyu bwo mw’isi.
8
Ariko ubu mukwiye kwiyambura ibintu vyose bisa n’ibi: uburake, kujingitwa, ububi bwose, kuvuga abandi nabi, kandi ntihagire amajambo ateye isoni asohoka ava mu kanwa kanyu.
9
Ntimukabeshane kuko mwiyambuye wa muntu wa kera n’ibikorwa vyiwe,
10
mukambara umuntu mushasha. Uwo na we yama ahinduka mu gutahura, akama arondera gusa n’Umuremyi wiwe.
11
Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.
12
Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.
13
Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.
14
Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.
15
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.
16
Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.
17
Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.
18
Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.
19
Bagabo, mukunde abagore banyu ntimubababaze ku mitima.
20
Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.
21
Ba se, ntimukabere abana banyu umururazi, vyotuma bacika intege.
22
Bagurano, mwumvire ba shobuja bo muri iyi si muri vyose; kandi mubigire atari iyo babahagarikiye gusa murondera ko bobashima, ariko mubikore n’umutima ubikunze mubitewe no kwubaha Umwami wacu.
23
Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu,
24
kuko muzi ko muzohabwa umugabane nk’impera yanyu n’Umwami wacu. Uwo Mwami mukorera ni Kristo.
25
Uwukora ikibi azohembwa ikibi, kuko Imana idaca urwa nkunzi.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4