bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Colossians 4
Colossians 4
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
1
Ba shebuja, mugirire ibigororotse kandi bibereye abagurano banyu, kuko mubizi namwe ko mufise Shobuja Mukuru mw’ijuru.
2
Mushishikarire gusenga, mube maso kandi mushima.
3
Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.
4
Musenge kugira ngo ndaryamamaze mu buryo butomoye, nk’uko ntegerezwa.
5
Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe.
6
Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.
7
Tukiko azobabwira amakuru yose anyerekeye. Ni mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, uwo dusangiye igikorwa c’Umwami.
8
Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.
9
Azananye na Onesimo, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.
10
Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)
11
Yesu yitwa Yusito, na we nyene arabaramutsa. Abo ni bo bonyene bo mu Bayuda dukorana ivy’Ubwami bw’Imana, kandi bambereye indemeshanyo ikomeye cane.
12
Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose.
13
Ndamushingira intahe ko yitanga ku bwanyu mwe n’ab’i Lawodikiya bose n’i Hiyerapolisi.
14
Muganga Luka, umuvukanyi akaba n’umugenzi, na Dema barabaramutsa.
15
Muntahirize abavukanyi b’i Lawodikiya, na Nimfa hamwe n’ishengero rikoranira mu nzu yiwe.
16
Iri kete nimwamara kurisomerwa, mukore ibishoboka vyose kugira ngo risomerwe ab’ishengero ry’i Lawodikiya, kandi namwe muze musome iryo bazobarungikira.
17
Mumbwirire Arukipo muti: “Gira ibishoboka vyose ushitse igikorwa wahawe n’Umwami.”
18
Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje. Ubuntu bw’Imana bubane namwe.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
All chapters:
1
2
3
4