bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Philippians 3
Philippians 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 4 →
1
Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.
2
Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z’ibibi, bamwe bababwira ko mutegerezwa kwikeba kugira ngo mukizwe.
3
Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.
4
N’aho nari mfise imvo zo kwiyizigira kandi nimba hari n’abandi bibaza ko bafise imvo zotuma bishimira ivy’umubiri, jewe mfise nyinshi kubarusha.
5
Nakebwe ku musi ugira umunani, ndi Umwisirayeli ku bw’amaraso, wo mu muryango wa Benyamini, ndi Umuheburayo w’ukuri, ku bijanye n’ivyagezwe, ndi Umufarisayo,
6
ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.
7
Ariko ivyo nahora nibaza ko bifise agaciro, ubu ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi, kubera ivyo Kristo yakoze.
8
Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,
9
kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.
10
Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,
11
kugira ngo nanje nzobe mw’izuka ry’abapfuye.
12
Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata.
13
Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere.
14
Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.
15
Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza.
16
Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.
17
Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu.
18
Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.
19
Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.
20
Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo.
21
Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4