bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
Philippians 4
Philippians 4
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
1
None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.
2
Ndinginze Ewodiya na Sintike ngo basubize hamwe mu Mwami.
3
Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.
4
Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.
5
Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose, kuko Umwami wacu ari hafi.
6
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.
7
Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.
8
Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.
9
Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.
10
Ndanezerewe cane mu Mwami kuko mwasubiriye kunyitaho. Ndazi ko mwamye munyitaho kuva kera ariko ntimwari bwaronke akaryo ko kubingaragariza.
11
Ibi sindabivugishijwe n’ubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa n’ivyo mfise.
12
Ndazi ico ari co kuba mu bukene, kandi ndazi kubaho mu musesekara. Narize ibanga ryo kubaho muri vyose, haba mu gahimbo canke mu nzara, haba mu musesekara canke mu bukene.
13
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
14
Mwagize neza kwifatanya nanje mu mibabaro ndimwo.
15
Kandi nk’uko mubizi mwese ab’i Filipi, mu misi ya mbere igihe Ubutumwa Bwiza bwabashikira, igihe nagomba kuja i Makedoniya, ata rindi shengero na rimwe ryamfashishije ivyo nari nkeneye, atari mwebwe,
16
kuko n’igihe nari i Tesalonike, mwagumye mundungikira ivyo nari nkeneye.
17
Ibi sindabivugishijwe no gushaka ibindi, ariko nipfuje kubashimira ku neza mwangiriye.
18
Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.
19
Imana izobaha ivyo mukeneye vyose nk’uko ubutunzi bw’ubwiza bwayo butangaje buri muri Kristo Yesu.
20
Icubahiro kibe ic’Imana Data wa twese ibihe vyose, Amen.
21
Mundamukirize abera bose muri Kristo Yesu. Bene Data turi kumwe barabatasha.
22
Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.
23
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
All chapters:
1
2
3
4