bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Thessalonians 1
2 Thessalonians 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
1
Paulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw ishengero ry’i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo:
2
ubuntu n’amahoro bibe muri mwebge, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.
3
Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.
4
Ni co gituma ubgacu tubirata mu mashengero y’Imana, kubg’ ukwihangana kwanyu n’ukwizera mu guhamwa kwanyu kwose n’amagorwa mushinyiriza.
5
Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’ Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa.
6
Kukw ar’ ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera,
7
no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,
8
hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.
9
Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bgiza bg’ubushobozi bgiwe,
10
ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.
11
Ni co gituma tubasengera imisi yose, ngw Imana yacu ibemere ko mumeze nk’uko bibereye ihamagarwa ryanyu, kand’ ishikishe ubushobozi ico munezererwa ciza cose n’igikorwa canyu cose kiva ku kwizera:
12
kugira ngw izina ry’Umwami wacu Yesu rishimagizwe muri mwebge, namwe mushimagizwe muri we, nk’uk’ ubuntu bg’Imana yacu n’ubg’ Umwami Yesu Kristo buri.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3