bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Timothy 1
2 Timothy 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 2 →
1
Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, intumwa yo kuvuga isezerano ry’ubugingo bubonerwa muri Kristo Yesu,
2
ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.
3
Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasība, uko nsenze, ijoro n’umurango.
4
Nibuka amosozi yawe, ngakumbura kukubona, ngo nuzure umunezero:
5
kuko nibutse ukwizera kutar’ ukw’ uburyarya kuri muri wewe, kwabanje kuba muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko Ewunike: kandi ndazi ntakekeranya yuko kuri muri wewe nawe.
6
Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje.
7
Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda.
8
Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, cank’ izanje imbohe yiwe. Arik’ ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubg’ ubutumwa bgiza, nk’uk’ ubushobozi bg’Imana bugushoboza,
9
yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,
10
ariko none bgaseruwe n’ukuboneka kw’Umukiza wacu Kristo Yesu, yahinduye urupfu ubusa, ubugingo no kutagipfa akabiserurisha ubutumwa bgiza.
11
Ubgo butumwa nabushiriweho kuba umuvuzi wabgo n’intumwa n’umwigisha.
12
Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.
13
Gumya icitegererezo c’amajambo mazima wanyumvanye, ukigumishe ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.
14
Ikibītsanyo ciza wabīkijwe, ukizigamishe Mpwemu Yera aba muri twebge.
15
Urazi yukw abo muri Asiya bose banteye ibitugu, mur’ abo umwe ni Fugelo na Herumogene.
16
Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje,
17
ariko, ashitse i Roma, agira umwete wo kundondera, arambona.
18
Umwami amuhe kuzoronka imbabazi ziva ku Mwami kuri wa musi. Kand’ ivyo yankoreye muri Efeso uko bingana, nta wukurusha kubimenya.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4