bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Timothy 2
2 Timothy 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 3 →
1
Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,
2
kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.
3
Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
4
Nta musoda yikwegera mu vy’ubu bugingo, ngw az’ ahimbare uwamwandikiye ubusoda.
5
Kand’ iy’ umuntu arushanywa, ntahabga igitsibo, shiti arushanijwe nk’uko vyagezwe.
6
Umurimyi kukw ari we yacumukuye ni we akwiye kubanza gusoroma ku vyeze.
7
Umenye ivyo mvuze, kuk’ Umwami wacu azoguha ubgenge muri vyose.
8
Wame wibuka Yesu Kristo, yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk’uk’ ubutumwa nahawe buvuga:
9
ubgo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk’inkozi y’ikibi; arikw ijambo ry’Imana ntiriboshwe.
10
Ni co gituma nihanganira vyose kubg’ abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n’ubgiza budashira.
11
Iri jambo n’iryo kwizerwa, ngo Namba twarapfanye na we, tuzobanaho na we;
12
namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana;
13
naho tutoba abizigirwa, we ahora ar’ umwizigirwa, kukw adashobora guhindagurika.
14
Wame ubibutsa ivyo, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ntibarwanire amajambo kuko bitagira ikimazi, bigwisha abumva.
15
Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.
16
Ariko, ibihumanya vy’amagambo y’ubusa ubizibukīre, kukw ababivuga bazoshishikara inzira yo kutubaha Imana,
17
kand’ ijambo ryabo rizorandagurana nk’igisebe c’igitema. Mur’ abo umwe ni Humenayo na Fileto,
18
kuko bāzimiye bakava mu vy’ ukuri, bavuga ng’ ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe.
19
Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.
20
Mu nzu nini y’umutunzi ntihabamw’ imbombovu z’ivyacuzwe mw izahabu no mw ifeza gusa, ariko habamwo n’iz’ ivy’ ibiti n’iz’ ivy’ ibumba, kandi bimwe babikoresha ivy’ icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni.
21
Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.
22
Ariko kwifuza kw’ubusore uguhunge, maz’ ukurikire ukugororoka n’ukwizera n’urukundo n’amahoro, ufatanya n’abambaza Umwami wacu n’imitima itanduye.
23
Arikw ibihāri vy’ubupfu n’ivy’ ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara intonganya.
24
Kand’ umushumba w’Umwami wacu ntakwiye gutongana, arikw akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba uburyo bgo kwigisha, no kwihangana,
25
no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,
26
bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4