bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Habakkuk 2
Habakkuk 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 3 →
1
Nzohagarara nshibamye, nje ku munara wo gushibamako, nkenguze ndābe ico aribumbarire, n’ico ndibumwishure, ku vy’ amaganya yanje.
2
Maz’ Uhoraho aranyishura, at’ Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ ūbisoma anyarutse.
3
Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.
4
Rāba, umutima wiwe urīkakishije, ntutunganye: arik’ umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.
5
Kand’ ikindi, abo bantu n’imborerwa, n’abantu bihayagiza, bataragama i wabo; baromoye nk’i kuzimu, bameze nk’urupfu, ntibahāga; ariko biyegeranirizakw amahanga yose, bakikumakumirakw amoko yose.
6
Mbeg’ abo bose ntibazobīvuga, bakabacakw akagani bakīkiriza, bati Bazobona ibara, abakuma ibitar’ ivyabo, bagatako bakīremēka amasahu! Mbega bazogeza ryari?
7
Mbeg’ abazobarya ntibazobūbīra giturumbuka, n’abazobajegenyura ntibazokwikangura, namwe mugacika inyagano zabo?
8
Ko mwanyaze amahanga menshi, namwe amasigarira yose y’amoko azobanyaga, abahōye amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.
9
Azobona ibara, ūronderera inzu yiwe inyungu mbi, kugira ngo yiyarikire icāri ciwe hejuru iyo bigwa, ngw abone gukira ukuboko kw’umunyakibi!
10
Inzu yawe wayihamagariye gutētērwa, kuko wagesheje amoko menshi, ugacumuza ubugingo bgawe.
11
Kukw ibuye ryo mu yubatse inzu rizosemerera, kand’ umutambikwa wo mu vyayimanitse uzoryishura.
12
Azobona ibara, uwubakisha igisagara amaraso yavishije, akaninaharisha igisagara ibigabitanyo!
13
Mbega ntibiva k’Uhoraho Nyen’ ingabo kw amoko atamishwa n’ibizoturirwa n’umuriro, amahanga akiruhiriza ubusa?
14
Kuko kumenya icubahiro c’ Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.
15
Azobona ibara, ūha mugenzi we ibinyobga, na wewe umwongerakw ibituriranije, ukamuboreza, kugira ngo wirābire ubgambure bgiwe!
16
Utumbaraye ibitētērwa mu gishingo c’icubahiro: enda nywa nawe, wisige ubusa! Igikombe kiri mu kuboko kw’i buryo kw’Uhoraho kizoruha kigushikeko nawe, kand’ ivy’ isoni biteye ishishi bizoba ku cubahiro cawe.
17
Kuk’ umuryano wabaye i Lebanoni uzokwubikizako, n’ukugesera kw’ibikōko kuzogutera ubgoba, uhōwe amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.
18
Igishushanyo kibājwe kimaze iki, vyotuma umubāji akibāza, cank’ igishushanyo kivugutiwe mu nkero kiragura ibinyoma, vyotuma uwakivugutiye acizigira, akironkera ibigirwamana vy’ibiragi?
19
Azobona ibara, ūbgira igiti, ati Ni wikangure! akabarira n’ ibuye ry’ikiragi, ati Haguruka! Mbeg’ ivyo vyoragura? Erega vyayagirijwekw izahabu n’ifeza, arikw imbere nta mpwemu bigira na mba.
20
Yamar’ Uhoraho we, ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwēkērere imbere yiwe.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3