bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Habakkuk 3
Habakkuk 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
1
Isengesho ry’uwavugishwa n’ Imana Habakuki, ryaririmbishwa mw ijwi ryitwa Shigiyonoti.
2
Uhoraho, numvise inkuru zawe, nabonye igikorwa cawe: Ewe Uhoraho, hēmbūra ico gikorwa cawe hagati mur’ iyi myaka, Hagati mur’ iyi myaka ukimenyekanishe; Mu burake wame wibuka kugira akagongwe.
3
Imana yaje ivuye i Temani, Uwera yaje ku musozi Parani.. Ubgiza bgiwe bgakwiye ijuru, Kand’ isi yuzuye ishimwe ryiwe.
4
Gukayangana kwiwe kwari nk’umuco, Ibishwārara vy’umuco vyava mu kuboko kwiwe, Aho ni ho yatwikirira ububasha bgiwe.
5
Ikīza camugendera imbere, Na Kizimire akamuja inyuma.
6
Arahagarara, agera ubunini bg’isi; Arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; Imisozi y’intahava irasanzara, Uturambi tw’inyame turanyika; Ajana inzira ziwe za kera.
7
Nabonye amahema y’i Kushani ari n’umubabaro, N’ibihuzu vy’amahema yo mu gihugu c’i Midiyani bihinda agashitsi.
8
Mbeg’ Uhoraho, inzūzi ni zo warakiye? Cank’ uburake bgawe bgari ku nzūzi? Ikiyaga ni co wagiriye uburake mbega, Vyotumye ugendera ku mafarasi yawe, No mu mikogote yawe y’intsinzi?
9
Watekuruye umuheto wawe, Ushira imyampi mu ruge.. Wasatuje isi inzūzi.
10
Imisozi yarakubonye, irasambagirika; Amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, Hatarika amaboko yaho.
11
Izuba n’ukwezi vyigumiye i wavyo, Kubg’ imyampi yawe yagiye ibishwārara, N’ugukayangana kw’icumu ryawe rica ibibatsi.
12
Wogoze igihugu ushangashiwe, Wasiribanze amahanga uri n’uburake.
13
Wasidukanywe no kuzanira abantu bawe agakiza, No kuzanira agakiza uwo warobanuje amavuta. Wasābije agatwe k’inzu y’ umunyakibi, Urayisangangura ushitsa no mu rukerēro.
14
Wasogotesheje umugabisha w’ ingabo ziwe ibimīto vyawe; Baje kudushwiragiza bameze nk’agashururu; Umengo vyarabahimbara kuyongobeza umugorwa mu mpisho.
15
Ikiyaga wagisiribangishije amafarasi yawe, Bo n’umukuba w’amazi menshi.
16
Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, Iminwa yanje iradegezwa kubg’ iryo iwi; Ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; Nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, Igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.
17
Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:
18
Na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, Mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje.
19
Uhoraho, Umwami, ni we nkomezi zanje; Ni we ahindura ibirenge vyanje nk’ivy’ impongokazi, Kand’ azompa gutambagira ku dutwe tw’imisozi yanje. Vyahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga zanje.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
All chapters:
1
2
3