bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hosea 12
Hosea 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 13 →
1
Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.
2
Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.
3
Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:
4
mbere yahotoranye n’umumarayika, aramunesha; ararira, aramwinginga; i Beteli ni ho yayīboneye, kand’ aho ni ho yavuganiye na we,
5
Uhoraho Imana Nyen’ ingabo, Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
6
Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.
7
Efurayimu n’Umunyakanani, umunzane w’ibinyoma uri mu kuboko kwiwe: akunda guhendana.
8
Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.
9
Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.
10
Navuganye n’abo navugisha, nagwije ivyo nerekanye; naciye imigani, ncishije mu bo navugisha.
11
Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.
12
Yakobo yahungiye i Padan‐Aramu, Isirayeli aca ingero umugeni, mber’ araragira kugira ngw aronke umugeni.
13
Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.
14
Efurayimu yarakije Uhoraho bikomeye, ni co gituma amaraso yiwe ari we azokora, kand’ Umwami wiwe azomusubiriza mu nkōko umuvumo yavumanye.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14