bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Hosea 5
Hosea 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 6 →
1
Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.
2
Abagarariji biyongeranije cane kwica: ariko nzobahana bose.
3
Efurayimu ndamuzi, kandi Isirayeli na we ntanyihishije: erega wakoze ivy’ ubusambanyi, ewe Efurayimu, Isirayeli na we yarihumanije.
4
Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.
5
Ubgibone bga Isirayeli ni bgo bumwagiriza imbonankubone: ni co kizotuma Isirayeli na Efurayimu bazotemba mu bigabitanyo vyabo, kandi na Yuda bazotemba hamwe.
6
Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.
7
Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.
8
Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!
9
Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho.
10
Abaganwa b’i Buyuda bahwanye n’abashingūra akarimbi k’urubibe: nzobasukak’ uburake bganje nk’amazi.
11
Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma.
12
Ni co gituma mmereye Efurayimu nk’ inyenzi ku mpuzu, n’inzu ya Yuda nk’ibungwe.
13
Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.
14
Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.
15
Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14