bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joel 1
Joel 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
1
Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yoweli mwene Petuweli.
2
Ati Ni mwumve ibi, yemwe batāma, kandi mutege amatwi, namwe ababa mu gihugu mwese! Mbega har’ ibimeze nk’ibi vyigeze kubaho mu bihe vyanyu, canke mu bihe vya ba sogokuruza?
3
Mubidondere abana banyu, na bo baze babidondere abana babo, abana babo na bo baze babidondere abuzukuruza.
4
Imiranga y’inzige zikegeta yariwe n’izāraraye; imiranga y’izāraraye yariwe n’izitaragurika; imiranga y’izitaragurika yariwe n’iziyigiza.
5
Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu.
6
Kukw ihanga rikomeye kandi ry’isinzi riteye igihugu canje; amenyo yabo ni nk’imikāka y’intambge, kandi bafise amajigo nk’ay’ intambge y’ingore.
7
Bononye umuzabibu wanje, kand’ umusukoni wanje barawuvunnye, barawushishuye rwose, bawutsinda hasi; amashami yawo asigaye ar’ igihororo c’imitonore.
8
Boroga nk’inkumi ikenyeye amagunira iririra uwar’ ayikoye.
9
Amafu y’amashikanwa n’ibiturire vyabuze mu ngoro y’Uhoraho; abaherezi, ari bo basuku b’Uhoraho, basigaye baganya.
10
Imirima irononekaye, n’igihugu kiraganya; kukw amasaka yononekaye, na vino z’umubira zikamye akagīrīre, kand’ amavuta ya elayo na yo aherengeteye.
11
Ni mujorerwe, yemwe barimyi, namwe abarimyi b’uruzabibu, ni muboroge, muririre ingano na sayiri; kukw ivyimburwa vyo mu ndimiro bibuze.
12
Umuzabibu urakabiranye, umusukoni urahondobereye; umukomamanga bo n’ikigazi n’umucungwa, mbere n’ibiti vyose vyo mu ndimiro birakabiranye: kuk’ umunezero uherengeteye mu bantu.
13
Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.
14
Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.
15
Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.
16
Mbeg’ ivyo kurya ntivyavumbuwe twirorērera? Mbere n’umunezero n’ibihimbaro ntivyakūwe mu ngoro y’Imana yacu?
17
Imbuto zumiye mu masīze; ibigega birasivye, n’ivya nyamugari birasambuwe; kukw amasaka arumbiranye.
18
Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.
19
Ewe Uhoraho, ni wewe ntakambiye: kuk’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange, kand’ ibirimi vyawo vyaturiye ibiti vyose vyo ku misozi.
20
Mbere n’ibikōko vyo mw ishamba bihuzagirika ari wewe bitumbereye: kukw imigezi yakamye, kand’ umuriro waturiye ubgatsi bgo mu bgeranyange.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3