bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joel 3
Joel 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
1
Ehe rāba, mur’ iyo misi no mur’ ivyo bihe, aho nzosubira kugarukanira ab’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu mbakūye mu ngoyi,
2
nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.
3
Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.
4
Mbega twapfuye iki, ga yemwe ab’i Tiro n’i Sidoni, namwe ababa mu ntāra zose z’i Bufilisitiya? None har’ ico munyīhōra? Erega namba mugomba kunyīhōra, ukwo kwīhōra kwanyu nzonyarutsa vuba kukubasubiza ku mitwe.
5
Ko mwāsahuye amafeza yanje n’amazahabu yanje, ibintu vyanje vyiza vy’igikundiro mukabijana mu nsengero zanyu z’ibigirwamana;
6
kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo:
7
ehe nanje nzobavyutsa, mbakūre ahantu iyo mwābaguriye, kandi kwa kunyīhōra kwanyu nzokubasubiza ku mitwe.
8
Namwe abahungu banyu n’abakobga banyu nzobagura n’ab’i Buyuda, na bo bazobagura n’abantu b’i Sheba, ihanga rya kure: kukw ari jewe Uhoraho mbivuze.
9
Enda ni mwāmāmaze ibi mu mahanga, muti Ni mugabishe, mugomore abahizi, ingabo zose ni zīgire hafi, zidūge.
10
Amasuka yanyu muyavunjavunje, muyacuremw’ inkota, n’inkero zanyu muzivunjavunje, muzicuremw’ amacumu: kand’ umunyantege nke ni yivuge kw ar’ umuhizi.
11
Ni munyaruke muze, yemwe mahanga mwese yo hirya no hino, mukoranire hamwe: nawe Uhoraho, n’ugomore abahizi bawe bamanuke!
12
Amahanga ni yikangure, adūge, aje mu kiyaya ca Yehoshafati: kukw ari ho nzovyagira, ngacira amatēka amahanga yose yo hirya no hino.
13
Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.
14
Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya!
15
Izuba rizocura umwiza, bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zizoca zireka kwaka.
16
Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.
17
Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.
18
Maze kur’ uwo musi, imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi dutembe amata, kand’ imigezi yose y’i Buyuda izosendanisha amazi; kand’ isōko izotoboka iva mu ngoro y’Uhoraho, inyoshe ikiyaya c’i Shitimu.
19
Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye.
20
Arikw i Buyuda hazokwamaho gushitsa ibihe bidashira, bo n’i Yerusalemu uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana.
21
Kandi nzohōra amaraso yabo ntaribgahōre: kuko jewe Uhoraho mpangamye i Siyoni.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
All chapters:
1
2
3