bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Jonah 3
Jonah 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 4 →
1
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rija kuri Yona ubugira kabiri, riramubarira,
2
riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.
3
Nuko Yona ava hasi aja i Ninewe, nk’ ukw ijambo ry’ Uhoraho rivuze. Kandi Ninewe car’ igisagara kinini c’agahebuza, kugikikuza rwar’ urugendo rw’ imisi itatu.
4
Yona atangura kuja mu gisagara agenda urugendo rw’umusi umwe; arasemerera, ati Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa.
5
Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.
6
Inkuru zishika ku mwami w’i Ninewe, ahaguruka ku ntebe yiwe yiyambura imyambaro yiwe, yambara igunira, yicara mu munyota.
7
Agera ko bamamaza i Ninewe icagezwe ciwe n’ic’ abaganwa biwe, ngo Ntihagire umuntu agira ico atamira, n’ibitunzwe n’uko, vy’amasho n’imikuku, ntihagire ico birya cank’ amazi binywa;
8
arikw abantu ni bambare amagunira, n’ibitunzwe babiyapfuke, baheze bambaze Imana bakobeje, kandi bahindukire, umuntu wese areke inzira yiwe mbi, bareke n’umuryano uri muri bo.
9
Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.
10
Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4