bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Philippians 1
Philippians 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 2 →
1
Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.
2
Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.
3
Nshima Imana yanje, uko mbibutse kwose,
4
kand’ uko nsenze kwose mbasengera mwese nnezerewe,
5
kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bgiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n’ubu.
6
Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.
7
Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.
8
Imana ni yo ntanzekw icabona c’ingene mbagirira igishika mwese, mfise imbabazi za Kristo Yesu.
9
Kand’ ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bgenge no mu kumenya kwose,
10
murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,
11
mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.
12
Bene Data, ndagomba ko mumenya yukw ivyambāyeko cane‐cane vyashize imbere ubutumwa bgiza:
13
bituma ingoyi zanje zo kubga Kristo zimenyekana mu basoda bahora bashibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose.
14
Kand’ abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.
15
Mugabo bamwe ishari n’amahane ni vyo bibatera kuvuga ivya Kristo; abandi babivugishwa n’ugushira icīra.
16
Abo babivugishwa n’urukundo, kuko bazi ko nashiriweho gukīranira ubutumwa bgiza:
17
ba bandi ikēba ni ryo ribatera kuvuga ivya Kristo atar’ uko bivuye ku mutima, biyumvira kw ar’ ukwongera kuntoneka mu ngoyi zanje.
18
Har’ ico biriko? Kizima mu buryo bgose, ari mu buryarya ari mu kuri, Kristo avugwa, kand’ ivyo ndabinezererewe, kandi nzokwama mbinezererwa;
19
kuko nzi yukw ivyo bizomviramw’ agakiza, munsengeye kandi ndonkejwe Mpwemu wa Yesu Kristo;
20
nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.
21
Kuko kubganje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ar’ inyungu.
22
Ariko namb’ ari kubaho mu mubiri, ico kizonyamira imbuto z’igikorwa, kandi sinzi ico mpitamwo.
23
Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane:
24
yamara kuguma mu mubiri ni co corushiriza kubagirira ikimazi.
25
Kandi ko nizigiye ivyo, ndazi neza yuko nzogumaho, nkabana namwe mwese, kugira ngo muje imbere, munezererwe ukwizera;
26
ngo muze murushirize kunyirata muri Kristo Yesu nsubiye kugaruka i wanyu.
27
Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,
28
ko mudakangwa n’abarwanizi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’ agakiza, kandi kivuye ku Mana.
29
Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;
30
muri muri ya ntambara mwambonanye kand’ iyo munyumvana n’ubu.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4