bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Philippians 4
Philippians 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
1
Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.
2
Ndahanūra Ewodiya, ndahanūra na Sintike, ngo bahūrize imitima mu Mwami wacu.
3
Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.
4
Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.
5
Ubugwaneza bganyu bumenywe n’abantu bose; Umwami wacu ari hafi.
6
Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.
7
Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu
8
Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.
9
Ivyo mwize, ivyo mwākiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’ amahoro izobana namwe.
10
Ariko ndanezererewe cane mu Mwami wacu kuk’ ubu mwahavuye mukongera kubabara ivyanje: kandi mwaranabibabara, ariko mukabura uburyo.
11
Simbivuze kubg’ ubukene, kuko nize kubumbga n’ivyo mfise uko ndi kose.
12
Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose nātiwe ibanga ryo mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena.
13
Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
14
Ariko mwagize neza, kuko mwafatanije nanje amarushwa.
15
Kandi yemwe Bafilipi, namwe n’ico muzi yuko mw itanguriro ry’ubutumwa bgiza, hamwe nava i Makedoniya, ata rindi shengero rya Kristo ryafatanije nanje mu vyo gutanga no guhabga, atari mwebge mwenyene.
16
Kuko n’i Tesalonike na ho mwandungikiyeyo ivyo kummara ubukene si rimwe ni kabiri kose.
17
S’uko ndondera ingabire, ariko ndondera imbuto zigwiririkanya amaronko yanyu.
18
Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.
19
Kand’ Imana yanje izobamara ubukene bganyu bgose, nk’ukw itunga ry’ubgiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.
20
Nukw icubahiro kibe ic’ Imana yacu, ni yo Data wa twese, ibihe bitazoshira. Amen.
21
Muntahirize abera bose bo muri Kristo Yesu. Bene Data turi kumwe barabatasha.
22
Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.
23
Ubuntu bg’Umwami Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
All chapters:
1
2
3
4