bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Timothy 1
1 Timothy 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 2 →
1
Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,
2
Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.
3
Igihe naja i Makedoniya narakwinginze ngo ugume hiyo muri Efeso kugira ngo wihanize abigisha inyigisho z’ibinyoma ntibasubire kwigisha,
4
canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, ico tumenya mu kwizera.
5
Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.
6
Ivyo bamwe barabihushije, baja mu mpari zitagira ikimazi.
7
Bagomba kwigira abigisha bubashwe b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga naho babishingira intahe bashize amanga batyo.
8
Turazi ko ivyagezwe ari vyiza iyo umuntu abikoresheje neza.
9
Kandi turazi ko ivyagezwe bitashiriweho abagororotsi, ariko vyashiriweho abatumvira n’ibigaba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abadasonera Imana canke ivyejejwe, abica ba se canke ba nyina, abicanyi,
10
abasambanyi n’abahuza ibitsina kandi babisangiye, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri
11
ziri mu Butumwa Bwiza bw’ubwiza bw’Imana ishemagizwa, ubwo najejwe.
12
Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi, akambonamwo ubwizigirwa, akanzeza imirimo yiwe.
13
Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.
14
Ubuntu bw’Umwami wacu bwansutsweko bugwiriye, nuzura ukwizera n’urukundo biri muri Kristo Yesu.
15
Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.
16
Ariko Imana yangiriye ubuntu kugira ngo muri jewe, umunyavyaha ruhebwa, Kristo Yesu yerekane akarorero k’ukwihangana kwiwe kutagira iherezo kuri abo bose bazomwizera bakaronka ubuzima budahera.
17
Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Umwami ahoraho, adapfa, ata boneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.
18
Timoteyo, mwana wanje, aya ni yo mabwirizwa ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwayakurikiza uze ugwane intambara nziza,
19
uzigamye neza ukwizera, ata jwi rikwagiriza mu mutima. Kuko bamwe baritaye n’ibigirankana, ukwizera kwabo kuba imburakimazi nk’ubwato busavye.
20
Bamwe muri abo ni Humenayo na Alegizandere, abo nahaye Satani kugira ngo bibigishe kutavuga ibibi ku Mana.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6