bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Timothy 3
1 Timothy 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 4 →
1
Iri jambo ni iryo kwizerwa: “Umuntu niyagomba kuba umurongozi w’ishengero, azoba yifuje igikorwa ciza.”
2
Umurongozi akwiye kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, atekereje, aganza ingeso ziwe, yubahwa, yakira abantu, kandi ashoboye kwigisha,
3
atari imborerwa kandi adasinda, ariko afise ubugwaneza, adatera ibihari, kandi adakunda amahera.
4
Ategerezwa kuba uwushobora gutunganya urugo rwiwe, abana biwe bakamugamburukira kandi bakamusonera.
5
(Kuko uwudashoboye gutunganya urugo rwiwe, mbega yoshobora gutunganya ishengero ry’Imana gute?)
6
Ategerezwa kuba atakiri umwana mu kwizera, ahandi ho yohava agwa mu caha c’ukwishira hejuru, akazocirirwa urubanza rumwe na Satani.
7
Ategerezwa kandi kuba avugwa neza n’abo hanze, kugira ngo ntagwe mu mugayo no mu mutego wa Satani.
8
N’abadiyakoni na bo ni uko nyene, bategerezwa kuba abagabo bubashwe, b’imvugakuri, batavuga indimi zibiri, bataborerwa, kandi batirukira inyungu mbi.
9
Bategerezwa kandi kuba bazigamye neza ukuri kw’ukwizera, badafise ijwi ribagiriza mu mitima.
10
Bategerezwa kandi kubanza gusuzumwa, basanzwe ata mugayo, baheze bashirwe muri ico gikorwa c’ubudiyakoni.
11
Abagore babo na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.
12
Umudiyakoni ategarazwa kuba umugabo afise umugore umwe, kandi ashoboye gutunganya abana biwe n’urugo rwiwe.
13
Abadiyakoni bazoba bakoze neza imirimo yabo bazohabwa icubahiro, bazogira ugushira amanga mu kwizera bafise muri Kristo Yesu.
14
Naho nizeye ko ndi mukuza kukuraba vuba, ivyo ndabikwandikiye kugira ngo,
15
bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.
16
Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6