bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Timothy 2
1 Timothy 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 3 →
1
Ndakwinginze rero, imbere ya vyose, kugira ngo wingingire abantu bose, ubasengere, ubasabire wongere ubashimire Imana.
2
Usengere abami n’abatware kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose.
3
Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana yo mukiza wacu,
4
yo ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.
5
Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu.
6
Yatanze ubuzima bwiwe nk’incungu ku bantu bose. Ubu ni bwo butumwa Imana yatanze igihe cayo kigeze.
7
Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.
8
Ndashaka ko abagabo aho bari hose basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, batagira ibihari.
9
Kandi n’abagore ndashaka ko bagira inyambaro ibereye, badashazisha gutsiba imishatsi canke kwambara inzahabu, imaragarita canke impuzu z’igiciro kinini,
10
ariko bashazishe ibikorwa vyiza, bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.
11
Abagore baze bige banumye, n’ukwubaha kwinshi.
12
Singomba ko abagore bigisha canke bategeka abagabo. Bumvirize banumye.
13
Kuko Adamu yaremwe ubwa mbere, hanyuma haremwa Eva.
14
Kandi Adamu si we yahenzwe, umugore ni we yahenzwe, aca agwa mu caha.
15
Ariko abagore bazokirizwa mu kuvyara kwabo, ni baguma mu kwizera, mu rukundo, mu kwubaha Imana no mu kwicisha bugufi.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6